Amakuru
25 janvier 2023

Ugufuta amasezerano y’amashirahamwe acukura ubutare kurashoboka, ariko ni ivyo kwitondera

Leta mu gihe ata nyungu ikura mw’icukurwa ry’ubutare, irashobora guhagarika amasezerano ariko ikabikorana ubwitonzi. Bivugwa n’umushingwamanza Yves Runyagu, umuhinga mu vy’amategeko. Ahanura umukuru w’Igihugu kwitonda akarondera ivyemezo vyose vyotuma n’aho ayo mashirahamwe acukura ubutare yokwitwarira Uburundi, yitwaye atotsinda. Ivyo ngo birashoboka igihe yokorana n’ubutungane, abamenyeshamakuru b’abahinga mu matohoza, canke agashiraho umurwi w’abahinga bo muri leta biga ico kibazo.