Amakuru
21 juin 2023

Nta muntu akwiye kunyagwa amafaranga yiwe ngo yayabitse mu nzu kuko si icaha

Gutunga amafaranga mu nzu si icaha. Bivugwa n’umushingwamanza Yves Runyagu, yanonosoye amategeko ajanye n’urudandazwa. Abivuze inyuma y’ihera ry’ikiringo cari catanzwe na BRB kugira inoti z’ibihumbi bitanu na cumi zizobe zavanywe mu bantu. Abona ko leta ikwiye kuraba abantu bari bayabitse mu mazu batayaronse mu buryo budasiguritse ikabatunganiriza mu kubareka bakajana amafraanga kuri banki n’aho ikiringo bari bahawe caheze.