Amakuru
24 février 2023

CAVIB isaba irekurwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu 5 bapfunzwe hadakurikijwe amategeko

Urunani rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu ruriyamiriza ihagarikwa n’ipfungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu batanu, bamaze indwi mw’ibohero rya Mpimba. Urwo runani CAVIB rubona ko ihagarikwa ryabo ryerekana urwanko abategetsi mu gihugu bafitiye imirwi imwe imwe y’Abarundi. Ku bw’umushingwamanza Yves Runyagu, ajejwe imigenderanire n’imigambi muri CAVIB, ngo vyerekana ko ata Murundi n’umwe yokwijajara ngo aratekaniwe, agasaba y’uko abo baharanira agateka ka zina muntu borekurwa ata gisabwe.