Amakuru
12 octobre 2021

Ugufatana mu nda mu budasa bw’Abarundi, iragi rya Rwagasore

Ludoviko Rwagasore yashira imbere ubumwe bw’Abarundi, agashaka ubutungane kuri bose kandi bwigenga, akarwanya igiturire, agashira imbere amahoro n’umutekano kuri bose, agashaka ko ibimenyeshamakuru vyigenga, agashira imbere iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Iryo ngo niryo ragi yasigiye Abarundi, ariko ubutegetsi bw’uno munsi butagenderako, ku bwa Karoli Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi. Akaba yabivuze mu gihe buca Abarundi bibuka imyaka 60 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe.