Amakuru
4 novembre 2023

Abishe Ndadaye n’abakoze ihonyabwoko ryakurikiye bakwiye gushengezwa (Nditije)

Kugira amahoro asubire gutsimbatara mu gihugu abishe Ndadaye hamwe n’abaciye bakora ihonyabwoko bategerezwa kubanza gukubitwa intahe mu gahanga. Bivugwa na Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Amenyesha ko ikindi cofasha Abarundi ari ugusubiza umutamana amasezerano ya Arusha.