Amakuru
16 juillet 2021

Ubwoko bushasha Delta bw’umugera wa Corona burabangamiye isi n’ibihugu vya EAC

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona birabandanya kuduga ku murindi munini ukabije mu bihugu bitari bike kw’isi. Ivyo bitigiri vy’abandura n’abahitanwa n’uwo mugera bikaba biriko biduzwa n’igwirirana ry’ubwoko bushasha bw’iyo ndwara bwitwa Delta bugwiriye mu bihugu 104 kw’isi, harimwo ahanini ibihugu vya Buraya hamwe n’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Igihugu c’Urwanda kikaba cafashe ingingo zikomeye kugira gihangane n’igwirirana ry’ico kiza mu gihugu, mu gihe Uburundi uyu munsi buvuga ko buri mu bihugu vyashoboye guhangana n’ico kiza.