Amakuru
4 novembre 2021

Ubwigenge bwa sentare ya EAC, kiracari icipfuzo

Sentare ya Afrika y’ubuseruko iracafise vyinshi bikiyigoye kuko hari amadosiye ishikako igasha na cane cane ayakingira agateka ka zina muntu mu bihugu bigize umuryango wa EAC. Bishikirizwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abashingwamanza bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Dieudonné Bashirahishize avuga ko abacamanza bagize iyo sentare bashira imbere inyungu z’amaleta ari nayo aba yabagenye muri ivyo bibanza. Asaba nyabuna iyo sentare gushishoza kugira inyuma y’imyaka 20 imaze ikora, ishire imbere ugukingira agateka ka zina muntu be n’intwaro rusangi mu bihugu bigize uwo muryango.