Amakuru
1 juin 2023

Ubwicanyi, gufata abantu hadakurikijwe amategeko n’ayandi mabi biracimonogoje mu Burundi

Abantu 19 ni bo bamenyekanye ko bishwe, 14 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, 10 na bo baraborezwa igufa mu kwezi kwa Rusama guheze. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri iryo shirahamwe, avuga ko abakorewe ayo mabi barwiriyemwo abanywanyi b’umugambwe CNL. Na yo abakora ayo mabi ni bamwe mu Mbonerakure no mu nzego z’umutekano. Asaba leta kwubahiriza umutekano ku munyagihugu wese, n’ukugira amatohoza ku biziga vyama vyatowe, n’ababishe ntibamenyekane ngo bahanwe.