Amakuru
25 mars 2023

Ubwicanyi, abantu baburwa irengero, gupfungira abantu ubusa birabandanya ku ntwaro ya Ndayishimiye

Kuva ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye butanguye, nta cahindutse mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Biri mw’itangazo ry’urunani CAVIB rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa na sentare mpuzamakungu. Urwo runani rwabishikirije kuri uyu wa 24 Ntwarante usanzwe ari umunsi mpuzamakungu wahariwe kuvugisha ukuri mu vyerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye CAVIB, amenyesha ko gushika ubu ubwicanyi, kunyuruza abantu bakaburwa irengero no gupfungira abantu ubusa bikibandanya mu Burundi.