Amakuru
23 mai 2024

Ubuyobozi bukuru bw’amabohero butegerezwa guhagarika gutoteza Floriane Irangabiye (M.L. Baricako)

Itotezwa Floriane Irangabiye ariko akorerwa n’ubuyobozi bukuru bw’amabohero ntiritegerezwa kumuca intege ku neza akorera abandi banyororo. Uwo ni umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, wiyamiriza ingendo y’ubwo buyobozi ko bwankiye uwo mumenyeshamakuru apfungiwe i Bubanza guserukira abandi kandi ari uburenganzira bwiwe. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akaboneraho akaryo ko gukeza inyifato y’uwahoze ari umuyobozi w’iryo bohero, we yubahutse kwemerera Floriane Irangabiye kwitoza, kugeza n’aho abizira akirukanwa muri ayo mabanga.