Amakuru
4 février 2022

Ubuvuzi kama bushobora gusubirwamwo kugira bwunganire ubuvuzi bwa none

Haracariho intambwe ubuvuzi kama bukwiye gutera kugira ngo bushigikire ubuvuzi bwa kijambere. Bishikirizwa na Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Hari kuri uyu wa gatatu mu nama nshingamateka. Sylvie Nzeyimana akamenyesha ko urwego rw’abavuza iyo miti ruzwi rwashizweho kandi ko ubushikiranganji arongoye buzofashanya n’ikigo gikuru c’ubuganga INSP mu gusuzuma imiti kama ivura.