Amakuru
19 novembre 2021

Ubutungane nta kibanza bufise mu Burundi umuntu yumvirije umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD

Amajambo yashikirijwe na Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, ntahumuriza na mba. Uwo ni umubabaro wa Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akaba atera ivyatsi aho uwo Révérien Ndikuriyo avugiye ko uwuhirahiye akiyumvira guhungabanya umutekano aca yicwa, hari ku munsi wa kabiri mu birori vyo gutanguza indwi yahariwe umurwanyi muri CNDD-FDD. Ivyo ngo bikaba vyerekana ko ubutungane ata kibanza bugifise mu Burundi.