Amakuru
9 mars 2021

Ubutungane gushika uno munsi nta kintu burerekana gihuza abagandaguye Thierry Kubwimana be n’umupfasoni wiwe Christa Kaneza

Ubutungane gushika uno munsi nta kintu burerekana gihuza abagandaguye Thierry Kubwimana mu mpera z’umwaka uheze be n’umupfasoni wiwe Christa Kaneza, apfunzwe yagirizwa ko yoba yakoranye n’abamwiciye umugabo. Bivugwa n’umuryango w’umuhisi Thierry Kubwimana. Mu gihe haraye hahimbajwe umunsi mpuzamakungu wo guharanira agateka k’abakenyezi, Joselyne Ndayisaba, umwe mubo muri uwo muryango, asavye umukuru w’igihugu, umupfasoni wiwe n’umushikiranganji w’ubutungane ko bokora ibishoboka vyose kugira Christa arekurwe.