Amakuru
2 décembre 2021

Abishe Thierry Kubwimana bakwiye guhanwa kugira Christa Kaneza atunganirizwe

Ubutungane bw’Uburundi bwari bukwiye gutunganiriza umupfasoni Christa Kaneza mu gushengeza abagandaguye umugabo wiwe. Bivugwa n’umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse, ari mu runani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CAVIB). Abishikirije inyuma y’aho Christa Kaneza arekuwe ivy’agateganyo n’ubutungane kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Kigarama, inyuma y’amezi cumi yari amaze apfunzwe. Umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse akavuga ko n’aho iryo rekurwa ryabanejereje atari umunezero ushemeye, kubera ari ivy’agateganyo.