Amakuru
7 octobre 2021

Ipfungwa rya Christa Kaneza kandi ubutungane bwaramurekuye riri kubiri n’amategeko

Haraheze hafi indwi Sentare ifashe ingingo ko umupfasoni Christa Kaneza yobandanya aburana yidegemvya ariko n’ubu aracari mu munyororo. Umushingwamanza Vital Nshimirimana akamenyesha ko amategeko ariko arahonyangwa kuko umushikirizamanza n’aho atari gushima iyo ngingo yokumurekura akunguruza muri gasamburamanza, bitobuza ko Christa Kaneza arekurwa.