Amakuru
26 juillet 2023

Kahise k’umushikirizamanza mukuru mushasha ntigahumuriza abaharanira agateka ka zina muntu

Léonard Manirakiza ni we mushikirizamanza kizigenza wa Republika y’Uburundi. Akaba asubiriye Sylvestre Nyandwi yari muri ico kibanza kuva mu 2016. Akaba yemejwe n’Inama nkenguzamateka kuri uyu wa kabiri, kumwe n’abandi 8 bagiye gukora muri Sentare ntahinyuzwa. Amazina yabo akaba yashikirijwe Inama nkenguzamateka n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Mbega none uwo mushikirizamanza mushasha azomara iki muri iki gihe igisata c’ubutungane cagirizwa gukoreshwa n’ubutegetsi ? Ku bwa Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC, nta co azohindura urabiye ku vyamuranze muri kahise kiwe, aje gukoreshwa nk’uko n’abo akoreye mu ngata babayeho muri ico kibanza, ubutungane buzoguma mu maboko y’umugambwe uri ku butegetsi.