Amakuru
28 juin 2023

Amashirahamwe 18 adaharanira inyungu za politike ariyamiriza urugendo rw’umurwi CVR i Buraya

Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR wategerezwa guhagarikwa. Ako ni akamo gaterwa na Vital Nshimirimana, arongoye ishirahamwe FORSC. Akaba avugira amashirahamwe 18 adaharanira inyungu za politike yasohoye urwandiko ku munsi wa kabiri yiyamiriza urugendo uwo murwi CVR uriko ugira i Buraya. CVR ikaba yamenyesheje ko intumbero y’urwo rugendo ari iyo kumenyesha Abarundi baba muri uwo mugabane aho ibikorwa vyawo bigeze. Ariko rero ku bwa Vital Nshimirimana, nta kindi uwo murwi ugamije atari ugukwiragiza urwanko mu Barundi, kubera wanse kwumviriza Abarundi bose mu vyo wemeza ko wakoreyeko amatohoza.