Amakuru
14 décembre 2021

Ubutungane bw’Uburundi buracari mu gacerere ku bwicanyi bwo muri Kigarama 2015

Amashirahamwe arenga cumi adaharanira ivyicaro vya politike aranegura ubutungane bw’Uburundi ko ataco burakora kugira hamenyekane hongere hahanwe abagize uruhara mu bwicanyi bwabaye ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama umwaka w’2015. Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye hibukwa imyaka 6 iheze habaye ubwo bwicanyi, ayo mashirahamwe arahumuriza imiryango y’ababuze ababo ko urugamba rwo kurondera ubutungane bwaba ubwo mu gihugu canke mpuzamakungu rukibandanya, kugira hamenyekane ababukoze bongere bahanwe. Kurikira umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi), akaba yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe.