Amakuru
28 mars 2023

Ubutungane butegerezwa gukora amatohoza bugashengeza abakorera amabi abakenyezi

Abategetsi b’Uburundi bategerezwa kugaba ku bwicanyi buriko buragirirwa abakenyezi, hamwe bakicwa n’abo bubakanye, ahandi bigakorwa na bamwe mu bajejwe umutekano. Abo bategetsi bategerezwa kwibaza ingaruka ivyo biheza bikagira ku bana vy’umwihariko, eka mbere no ku miryango yose. Ako ni akamo k’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako awurongoye, akaba abivuze inyuma y’aho hagandaguriwe umukenyezi Emmanuella Niragira, umwarimukazi wo mu ntara ya Ruyigi, mw’ijoro ryo ku wa gatatu w’indwi iheze muri karitiye ya Sanzu mu gisagara ca Ruyigi. Baricako aboneraho no kwiyamiriza ukuntu ubutungane ata co bukora kugira hahanwe abakora ubwo bwicanyi.