Amakuru
21 juillet 2021

Ubutungane buracari mu kwaha kw’inzego z’umutekano mu Burundi

Ubutungane buracari mu kwaha kw’inzego z’umutekano mu Burundi. Ishirahamwe SOS-Torture Burundi ribivuga rifatiye kw’ifungwa ry’umukenyezi Christa Kaneza ryo kuva mu kwezi kwa Kigarama kw’umwaka uheze, akaba kandi amaze amezi 6 atagifise uruhusha rwo kwonsa umwana. Umushingwamanza Armel Niyongere, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, yibutsa ko uwo mukenyezi yagirizwa ata cemezo cerekanywe ko yagize uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wiwe Thierry Kubwimana, ariko bizwi ko yagandaguwe n’inzego za Leta.