Amakuru
30 septembre 2023

Igipolisi n’abajejwe intwaro bategerezwa kwigishwa kwubahiriza amanama n’imyiyerekano

Isubirwamwo ry’itegeko rigenga amanama n’imyiyerekano, ni co amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike asaba. Armel Niyongere, umunyamabanga mukuru wa SOS-Torture, rimwe mu mashirahamwe yafashije muri iki gikorwa c’urunani, ahamagarira cane cane guha inyigisho zikwiye abajejwe umutekano n’intwaro ku bijanye n’inyifato bogira mu bihe vy’amanama n’imyiyerekano. Hanyuma akanasaba ubutungane, umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, eka n’abafashanya n’Uburundi, gufasha kugira ubwo bwigenge buboneke.