Amakuru
29 juillet 2023

Ubutungane buhana uwakorewe icaha, yitwariwe n’uwamugiriye nabi

Ugushurashuza urwaruka rw’abigeme mu mashure yo mu Burundi si agaseseshwarumuri, mbere bikaba no mu mashure atwarwa n’abihebeye Imana. Mu bakora ayo marorerwa, harimwo bamwe mu barezi, mbere n’abayobozi b’amashure, kenshi bakabandanya bidegemvya bakingiwe ikibaba na bamwe mu bajejwe intwaro n’ubutungane, cane cane n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ku biherutse kuba muri komine Ntega mu ntara ya Kirundo, umwigeme yariko ashaka gushurashuzwa n’umuyobozi w’ishure ni we yahavuye apfungwa, ariko umukuru w’Igihugu akaba aherutse gutunga urutoke ubutungane bwo mu Kirundo, imbere y’uko umushikiranganji w’Ubutungane aha igihano abacamanza bashashe mu rubanza kuri iyo dosiye.