Amakuru
14 octobre 2021

Ubutegetsi ntibugendera mu makanda ya Rwagasore, we yashaka ubumwe bw’Abarundi

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD uno munsi bukora ibihushane vy’ivyo Rwagasore yipfuza gukorera Abarundi. Bivugwa na Karoli Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi. Akaba abishikirije kuri uyu wa 13 Gitugutu, umunsi Abarundi baramutse bibuka imyaka 60 iheze uwo yaharaniye intahe yo kwikukira agandaguwe. Karoli Nditije akavuga ko mu gihe Rwagasore yaharanira ko Abarundi bogira ubumwe no mu mahiganwa mu vya politike uwutsinze agatsindira bose, CNDD-FDD yo ishira imbere gucamwo imice Abarundi kandi ikongera igatoteza abo batavuga rumwe mu vya politike.