Amakuru
9 juin 2023

Ubutegetsi bwa Ndayishimiye burakwiye gukosora ibintu vyose vyononywe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza

Harageze ko intwaro ya Ndayishimiye ihindura ingendo, igakosora ibintu vyose vyononywe n’intwaro ya Petero Nkurunziza. Bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, hari kuri uno wa 8 Ruheshi, aho hibukwa imyaka 3 iheze Petero Nkurunziza apfuye. Dieudonné Bashirahishize agasaba umukuru w’Igihugu gushiramwo inguvu kugira Uburundi busubire ku murongo wa demokarasi, amahoro n’umutekano bisasagare.