Amakuru
2 juin 2022

Ubushikiranganji bw’Ubworozi bwiyemeza gutanguza ku bitungwa urucanco rw’inyonko ya Vallée du Rift

Umushikiranganji w’Ubworozi arahumuriza abanyagihugu ko ibisata bitandukanye vy’ubushikiranganji arongoye biriko birakora ibishoboka mu guhangana n’ikiza c’inyonko y’ibitungwa bise Fièvre de la Vallée du Rift. Déo Guide Rurema akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri, aho yanamenyesheje ko bitabujijwe gufungura inyama canke kunywa amata y’ibitungwa bitarwaye, ariko ari ukubanza kubiteka neza. Yanamenyesheje kandi ko leta iriko iravugana n’abo bafashanya mw’iterambere kugira haboneke incanco zo kurwanya iyo ndwara.