Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buhejeje kuduza amafranga y’ikilo c’amababi y’icayi kuva kuri uyu wa kane nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranji mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Dr Déo Guide Rurema yamenyesheje ko iyo ngingo ari iyo gufasha abarimyi mu kubatera intege ngo babandanye bitaho igiterwa c’icayi. Ikilo kikaba cahora ku mafranga 250 y’amarundi ubu kikaba kigiye kugurwa amafranga 280.
Amakuru
13 août 2021