Amakuru
19 novembre 2021

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati burabandanya kubomora inyubako zidakurikije amategeko

Ibikorwa vyo gusambura amazu y’abantu bivugwa ko bubatse badakurikije amategeko vyabandanirije kuri uyu wa kane muri karitiye ya Mutakura muri zone Cibitoke iri muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Ico gikorwa kikaba ari ico gushira mu ngiro ingingo yafashwe mu nama yakoranije ku munsi wa gatatu itariki 10 Munyonyo umushikiranganji w’intwaro yo hagati, abatwara ama komine hamwe n’abatwara ama zone yo mu gisagara ca Bujumbura.