Amakuru
26 mai 2022

Hariko haratuzwa imirwi y’abasuma yinyegejemwo bamwe mu bajejwe umutekano

Abantu 8 bagirizwa gukora ubugizi bwa nabi mu kwambura abantu bakongera bakabanyuruza barerekanywe kuri uyu wa kabiri n’igipolisi c’Uburundi. Pierre Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’Umutekano, yamenyesheje ko bagiye kubarungika mu butungane kugira bacirirwe urubanza.