Amakuru
5 avril 2022

Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati bukwiye gutora inyishu y’ikibazo c’ishengero EUSEBU

Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati ni bwo bukwiye gutorera inyishu ibibazo birangwa mw’ishengero EUSEBU. Bishikirizwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi b’intungane (RCP). Gervais Nibigira asaba abajejwe intwaro kutivanga mu vy’amadini. Akaba abishikirije inyuma y’aho Jean Gordien Niyungeko, aserukira imbere y’amategeko Ishengero EUSEBU mu Burundi, agandaguwe mu ndwi iheze.