Amakuru
19 janvier 2023

Ubushikiranganji bw’Ingenzi buriko burakora ivyotuma Uburundi buhurumbirwa

Igisata c’ingenzi mu Burundi ni igisata cahuye n’ingorane nyinshi ahanini zifatiye ku mutekano muke, ariko rero harageze ko kinagurwa. Ivyo ni ivyemezwa n’umushikiranganji w’Ingenzi, Marie Chantal Nijimbere. Hari igihe bamwe mu bashikiranganji bari bagendeye intara ya Rutana mu ntango y’ino ndwi. Uwo mushikiranganji amenyesha ko bariko baragerageza gushiraho ibibanza vyotuma ingenzi ziza ari vyo zigana.