Amakuru
31 décembre 2021

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubona ko abandura Corona bagabanutse

Kwongereza ibibanza vyo kwipimishirizamwo ikiza ca Corona ngo vyatumye igitigiri c’abaja kwipimisha kigabanuka mu bibanza vyari bisanzwe bihari. Muganga Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu, yabishikirije kuri uyu wa kane inyuma y’urugendo yagize mu bibanza bitandukanye bisanzwe bipimirwamwo Corona. Yongeye aributsa abakoresha bamaze igihe bategeka abakozi babo kwicandagisha ko atari itegeko, ahubwo bikorwa ku gushaka kw’umuntu, kandi ko bitajanye na politike y’igihugu.