Amakuru
8 avril 2023

Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bubandanya kwitaho ivyotuma Abarundi bagira amagara meza

Igisata c’amagara y’abantu carateye imbere ufatiye nko ku mugambi wo gucandagisha ibibondo kugira hagabanywe impfu, no mu gukinga indwara y’akavuna hamwe n’ubukangwe. Bishikirizwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu mu gihe isi yose ihimbaza kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza, umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu kw’isi, umunsi uhuriranye n’imyaka 75 ishirahamwe OMS ryitaho amagara y’abantu kw’isi rimaze, hamwe n’imyaka 60 rimaze rishitse mu Burundi. Muganga Sylvie Nzeyimana, akamenyesha ko leta ibicishije mu bushikiranganji arongoye, ibandanya yegereza amavuriro n’abaganga hafi y’abanyagihugu kugira abanyagihugu bose boroherwe kwivuza.