Amakuru
14 décembre 2023

OMS yashikirije ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge icuma gifasha guturira imyanda n’ibindi bikoresho

Ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge vyarakiriye kuri uyu wa gatatu icuma gifasha guturira imicafu yo kwa muganga bita incinérateur, gitanzwe n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS. Kuri ico cuma, hiyongerako ibindi bizofasha mu kwitaho indwara z’abakenyezi n’abana. Muganga Marc Nimburanira, umuyobozi w’ivyo bitaro, arashima iyo ngabire ije gufasha cane kuri ivyo bitaro, akamenyesha ko bafise n’icipfuzo c’uko muri kazoza ivyo bitaro vyoba bifise icuma gifasha kubona neza indwara bita scanner kugira babandanye kwitaho neza kurusha ababitura.