Amakuru
31 juillet 2023

Mu Burundi, abarwaye indwara ya hépatite B bararenga ibice 5%, mu gihe hépatite C ari ibice 10%

Ibice birenga 5% vy’Abarundi barwaye indwara ya hépatite B na yo ibice 10% barwaye indwara ya hépatite C, nk’uko biri mu bitigiri bitangwa n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Iyo ndwara isanzwe ibangamira igitigu itera na Cancer, ikica abantu barenga umuliyoni ku mwaka nk’uko vyemezwa n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS.

None iyo ndwara umuntu ayimenya gute ?

Inzira zo kuyikingira canke zo kuyivuza ni izihe ?