Amakuru
4 octobre 2022

Ubuserukizi bw’Uburundi mu Buganda busaba imirwi ndangakaranga ivuza ingoma kuzisubiza

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ubuganda busaba imirwi ndangakaranga ivuza ingoma, ahanini igizwe n’Abarundi bahunze, gusubiza ata gisabwe ingoma bakoresha ku biro vy’ubwo buserukizi. Mw’itangazo ryasohotse mu mpera z’indwi iheze, Epiphanie Kabuyenge aserukira Uburundi mu Buganda, ategekanya kugirisha inama abarongoye iyo mirwi ndangakaranga ku wa 6 Gitugutu umwaka w’2022, ni ukuvuga ku wa kane w’ino ndwi, ku cicaro c’ubuserukizi bw’Uburundi. Ubuserukizi bw’Uburundi mu Buganda bukaba bwari buherutse guhagarika ikoreshwa ry’ingoma, iyo butabitangiye uruhusha. Jérémie Minani aranegura ingene ubwo buserukizi bw’Uburundi bwivanga mu bikorwa ndangakaranga vy’impunzi z’Abarundi mu gihugu c’Ubuganda. Uwo arongoye umugambwe RDB amenyesha ko uwuserukira Uburundi muri ico gihugu ata bubasha na bumwe afise ku Barundi bahunze leta aserukira.