Amakuru
13 janvier 2021

Uburyo buhari bwo kwirinda ikiza ca Corona mu Burundi ntibukwiye

Ikiza ca Covid19 kiguma gisasa indava mu gihugu c’Uburundi. Uburyo buhari bwo kwirinda ico kiza ntibukwiye. Ivyo bishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP Burundi Buhire. Akamenyesha kandi ko Leta y’Uburundi ata kuri na kumwe ishikiriza ku bitigiri vy’abanduye uwo mugera.