Amakuru
31 mai 2023

Uburusiya buremeza ko bugiye kwitaho kurusha imigenderanire na leta y’Uburundi

Igihugu c’Uburusiya caraye ciyemeje gutsimbataza imigenderanire n’Uburundi mu gushigikira leta y’U burundi mu bisata bitandukanye : nk’uburimyi, indero hamwe n’amagara y’abantu. Vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’Imigenderanire n’amakungu w’Uburusiya, igihe yari yaramutse agendera Uburundi ku munsi wa kabiri. Sergueï Lavrov akaba yari yakiriwe n’umukuru w’Igihugu inyuma y’aho yari ahejeje kubonana na mugenzi we Albert Shingiro. Mu gisata c’indero akaba yiyemeje ko mu mwaka w’ishure uza, igitigiri c’Abarundi bagenda kwiga mu Burusiya kizogwizwa na kabiri.