Amakuru
2 avril 2024

Ikiringo c’intumwa ya ONU ikwirikirana agateka ka zina muntu mu Burundi gikwiye kwongerezwa (FOCODE)

Leta y’Uburundi isaba ibihugu vya Buraya guhagarika, muri uku kwezi kwa Nyakanga, ikiringo c’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ikwirikirana ivyerekeye agateka ka zina muntu. Uburundi bubona ko kugumizaho urwo rwego ata co gufasha mu guteza imbere iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

Kuki leta y’Uburundi itifuza iryo jisho ry’amakungu riraba iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu ?