Amakuru
1 février 2024

Irungikwa ry’Abarundi baja gukora mu gihugu ca Arabie saoudite ryarinjirije Uburundi (A. Shingiro)

Uburundi bwinjije mu kigega ca leta imiliyoni zirenga 4 z’amadolari y’Abanyamerika avuye ku kurungika abakozi mu gihugu ca Arabie saoudite. Biri mu cegeranyo c’ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu mu gice ca kabiri c’umwaka w’2023. Umushikiranganji Albert Shingiro yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu. Yamenyesheje kandi ko bariko baragiriranira ibiganiro n’ibindi bihugu vy’Abarabu kugira urwaruka rw’Uburundi ruronkeyo akazi.