Amakuru
21 mai 2022

Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya bigiye gushira imbere imitahe n’uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere

Gufashanya mu rudandazwa hamwe no gushira imbere uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere, ni vyo bigiye kuranga imigenderanire hagati y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya na leta y’Uburundi. Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, yabimenyesheje kuri uyu wa kane, inyuma y’ibiganiro bigira 4 hagati y’intumwa z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’iza leta y’Uburundi. Albert Shingiro akavuga ko ubu imigenderanire yifashe neza kuva aho iryo shirahamwe rikuriyeho ibihano ryari ryafatiye Uburundi.