Amakuru
21 février 2024

Uburundi ntibuzotera imbere hatari politike ituma abarwizatunga bazana imitahe (Faustin Ndikumana)

Nk’uko biri mucegeranyo c’uko amafaranga ya leta yakoreshejwe mu gice ca mbere c’uno mwaka w’amafaranga turimwo, imitahe y’abarwizatunga iza mu Burundi yaragabanutse ku rugero rw’ibice 30%.

Mbega iryo gabanuka ry’imitahe iza mu Burundi ryoba riva kuki ?

Ni iki leta y’Uburundi yari ikwiye gukora cotuma abarwizatunga bahurumbira gushira imitahe yabo mu Burundi ?