Ngo Uburundi na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bibona kumwe ibijanye no kurwanya imirwi ihungabanya umutekano ku mipaka y’ivyo bihugu bibiri. Ivyo vyashikirijwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w’imigenderanire, kuri uyu wa kane, mu gihe hasozerwa inama igira kane y’abaserukira ibihugu vy’Uburundi na Congo. Iyo nama ikaba yabereye muri RDC. Albert Shingiro, akaba yavugiye kw’iradiyo y’Abafaransa RFI.
Amakuru
4 septembre 2021