Amakuru
25 octobre 2022

Uburundi bwakiriye kuva ku wa mbere ihiganwa rya Afrika ryo gusiganwa ku makinga mu bigeme

Kuva ku munsi wa mbere haratanguye mu Burundi ihiganwa rigira kabiri ryo gusiganwa ku makinga mu bigeme ku mugabane wa Afrika. Iryo higanwa rikaba ryitabiriwe n’ibihugu 6 vyo muri Afrika, ari vyo Egypte, Kenya, Bénin, Congo, Côte d’Ivoire n’Uburundi. Iryo higanwa rikazobera mu mihingo itandukanye y’Uburundi gushika kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu. Ku bw’umushikiranganji w’Inkino, Ezéchiel Nibigira, iryo higanwa ngo rizoca ryandikwa ku rutonde rw’amahiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa ku makinga, ibizozana akarusho mu bijanye n’ishusho ry’igihugu.