Amakuru
6 juillet 2022

Uburundi buriyamiriza ivyoza bibufasha kwubahiriza agateka ka zina muntu

Biragoye kumenya inguvu ziriko zirakoreshwa na leta mu kurwanya amabi ahonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi. Ayo makenga ni ay’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, inyuma y’aho leta ya Gitega imenyeshereje kwitazokorana n’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Ku bwa Clémentine de Montjoye, umushakashatsi muri HRW ku mugabane wa Afrika, harageze ko abategetsi b’Uburundi bava mu majambo bakaja mu bikorwa, bakemera gukorana n’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU, bakarekura abantu bose bapfungiwe ubusa, bagahagarika abakora amabi ahonyanga agateka ka zina muntu bakongera bakabakurikirana imbere y’ubutungane.