Amakuru
4 novembre 2023

Umurwi CNIDH ukorera ku gitsure ca leta (IDHB et HRW)

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH biragaragara ko ukora utigenga koko uravye ingene wica amatwi ku mabi menshi akomeye ahonyanga agateka ka zina muntu. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe IDHB rikurikiranira hafi ivyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch. Ayo mashirahamwe akaba yasohoye itangazo aho anegura ivyo bintu. Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe IDHB, kw’izina ry’ayo mashirahamwe uko ari abiri, yerekana ko umurwi w’Uburundi CNIDH utari ukwiye ikibanza ufise uno munsi mu vyerekeye guharanira agateka ka zina muntu, kuko ukora utigenga.