Amakuru
9 août 2024

Uburundi burimwo abahinga bakwiye kugira rusansuma igende neza (E. Ngayimpenda)

Abategura rusansuma yimirije bofatira ku zimaze gukorwa mu gihugu kugira ico gikorwa kigende neza. Uwo ni umwihwezo wa Evariste Ngayimpenda, umuhinga mu vy’igwirirana ry’abantu. Ati uretse n’ivyo, ikigo kijejwe rusansuma caramenyesheje ko n’uburyo buhari bubigenewe. Evariste Ngayimpenda rero akaboneraho akanya ko gusigura ido n’ido uko ico gikorwa gitegerezwa kugenda. Ariko rero ngo kugira rusansuma ikorwe uko bitegerezwa, hakwiye ko abanyagihugu bategurwa neza kugira ico gikorwa bacitabire uko bikwiye, maze n’abajejwe intwaro bagafasha batiziganya. Evariste Ngayimpenda akavuga ko ico gikorwa gitegerezwa kwisunga ubumenyi bw’abahinga mu bisata bitandukanye vyuzuzanya mu gukora rusansuma, ngo na cane cane ko mu gihugu bahari.