Amakuru
17 avril 2024

Umurwi CVR nta bubasha ufise bwo kuvuga ko habaye ihonyabwoko ry’Abahutu (E. Ngayimpenda)

Umurwi ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe kw’Abarundi CVR si wo wategerezwa kuvuga ko habaye ihonyabwoko ry’Abahutu mu mwaka w’1972 nk’uko uheruka kubishikiriza inyuma y’amatohoza wagize. Ivyo bivugwa na Evariste Ngayimpenda, umwigisha muri za kaminuza zitandukanye. Mu kiganiro ku mboneshakure y’Uburundi co ku munsi wa gatandatu uheze, ikiganiro kijanye n’ingene uwo murwi CVR urangura amabanga yawo, Evariste Ngayimpenda yasiguye ko umurwi CVR wategerezwa gukora amatohoza hanyuma ugatanga icegeranyo ku vyabaye mu 1972 vyonyene. Ivyo kuvuga ko habaye ihonyabwoko ngo ni igikorwa c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuko ari ryo ryonyene ribifitiye ububasha.