Amakuru
7 février 2024

Uburundi buri mu bihugu vyiganjemwo igiturire (Transparency International)

Mu cegeranyo c’ishirahamwe Transparency International co mu mwaka w’2023 ku bijanye n’ingene igiturire kirwanywa mu bihugu, Uburundi buza mu kibanza c’162 ku bihugu 180, bukaba bufise amanota 20 kw’ijana, igituma buja mu bihugu 20 vya mbere bihanzwe n’igiturire, nk’uko tubisoma muri ico cegeranyo. Mu mwaka w’2022, Uburundi bwari mu kibanza c’171, ubu kikaba carateye imbere ibibanza icenda. Muri uno mwaka uheze, Transparency International ryafatiye ku bijanye n’ingene ibisata vy’ubutungane bikora mu kurwanya igiturire. N’aho Uburundi bwateye intambwe, abari mu mashirahamwe aharanira intwaro ibereye babona ko hakiriho vyinshi vyo gukora kugira ingeso yo kurya igiturire irwanywe.

None izo ngingo zindi zikenewe gufatwa ni izihe ?