Amakuru
26 mars 2024

Uburundi buracahanzwe n’amabi atandukanye y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu (ACAT-Burundi)

Abantu 168 ni bo bamenyekanye ko bishwe, 26 baranyuruzwa, 65 baraborezwa igufa, n’abandi bagera ku 617 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko mu mwaka uheze w’2023. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, amenyesha ko abakekwa gukora ivyo vyaha batigeze bakurikiranwa n’ubutungane harimwo inzego z’umutekano n’Imbonerakure. Muri ico cegeranyo, ACAT-Burundi yerekana ko hakirangwa ubwinshi bw’abapfungwa mu mabohero y’igihugu n’aho hari utwigoro dukorwa muri ico gisata.