Amakuru
12 juin 2021

Ubumwe bwa buraya ntibworwa mu mutego w’amajambo y’abategetsi b’Abarundi

Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko arasaba ibihugu bigize umuryango wa buraya gukuraho ibihano vyafatiwe Uburundi. Dr Peter Mathuki yabivugiye mu nama yagiranye n’abaserukira ubumwe bwa buraya muri Tanzaniya igihe hirwa ingene ubumwe bwa buraya bwofasha mw’iterambere ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko akaba yamenyesheje ko Uburundi bwamaze gutera iyindi ntambwe mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Kubwa Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ihuriro ry’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ngo ubumwe bwa buraya ntibworwa mu mutego w’amajambo y’abategetsi b’Abarundi kuko imvugo n’ingiro bitajana. Ku bwiwe, haracibonekeza ihonyangwa ry’uburenganzira butandukanye harimwo n’ubwo gushikiriza ivyiyumviro.